3 1 Hari umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemu, yari umukuru wo mu Bayuda; 2 Uwo aza kuri we mw'ijoro, aramubwira ati: <<Mwigisha, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk'ivyo ukora, kiretse Imana iri kumwe na we.>> 3 Yesu aramwishura ati: <<Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana.>> 4 Nikodemu aramubaza ati: <<Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?>> 5 Yesu aramwishura ati: <<Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe n'amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw' Imana. 6 Ikivyawe n'umubiri na co ni umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co ni impwemu.>> 7 Ntutangazwe n'uko ndakubwiye nti: <<Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri. 8 Umuyaga uhuhuta aho ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye aho uva, n'aho uja; uko ni ko amera, uwuvyawe na Mpwemu wese.>> 9 Nikodemu aramubaza ati: <<Ivyo bishoboka bite?>> 10 Yesu aramwishura ati: <<Ni wewe mwigisha w'Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?>> 11 Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. 12 Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru? 13 Nta waduze mw'ijuru, atari uwamanutse ava mw'ijuru, ni we Mwana w'umuntu wo mw'ijuru. 14 Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa, 15 ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira.>> 16 Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. 17 Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw'isi, ariko yamutumye ngo abari mw'isi bakizwe na we. 18 Uwumwizeye ntazotsindwa n'urubanza, ariko uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry'Umwana w' Imana w'ikinege. 19 Uku ni kwo gutsindwa, kuko umuco waje mw'isi, ariko abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi. 20 Kuko uwukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21 Ariko uwukora ivyo ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana. 22 Hanyuma y'ivyo Yesu ajana n'abigishwa biwe mu gihugu c'i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza. 23 Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y'i Salimu, kuko aho hari amazi menshi, abantu baraza bakabatizwa, 24 kuko Yohana ataribwashirwe mw'ibohero. 25 Havyuka ibihari ku bigishwa ba Yohana n'Umuyuda ku vyo kwihumanura. 26 Baza aho Yohana ari, baramubwira bati: <<Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we ariko arabatiza, kandi bose baza kuri we.>> 27 Yohana arabishura ati: <<Nta co umuntu ashobora kwironsa ubwiwe, atagihawe kivuye mw'ijuru.>> 28 Ni mwebwe ubwanyu munshingira intahe yuko navuze nti: <<Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwitangira imbere.>> 29 Uwuhawe umugeni ni we mukwe, ariko umugenzi w'uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n'ijwi ry'umukwe; nuko ako kanyamuneza kanje karashitse. 30 Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto. 31 Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw'isi aba ari uwo mw'isi nyene, avuga ivyo isi; uwavuye mw'ijuru ni we asumba bose. 32 Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, ariko ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera. 33 Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngo Imana ni iyo ukuri. 34 Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y'Imana, kuko idatanga Mpwemu ku ngero. 35 Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. 36 Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ishavu ry'Imana riguma kuri we.
Prev
Play
Next
Volume
Speed
0.7511.251.52